Inkuru y'ukuri ya Yesu
Raba Inkuru y'ukuri ya Yesu
Gusura Paji
Abantu barasenga
Niba wasenze isengesho ryo kwihana, ubu wabaye umwana w'Imana.
"Ni waturisha akanwa ko Yesu ar' Umwami kandi ukuzera mu mutima ko Imana Yamuzuye mu bapfuye, uzokizwa." Abaroma 10:9
Urashobora gusengana natwe ubu nyene ng'uronke agakiza kawe:
Mana yanje,
Ndatuye ko Yesu ari Umwami. Ndizeye ko yavyawe n'inkumi (Mariya), yamanitswe ku umusaraba kubw'ivyaha vyanje, kandi yazutse ava mu bapfuye ku umunsi ugira gatatu. Uy'umunsi, ndatuye ko nagumuyeko, kandi ntaco nokora ngo nikize, Ndagusavye ngo umbabarire, Ndakwizeye Yesu wewe wnyene. Ndizeye ko ubu nd'umwana wawe kandi ko nzomarana ibihe bidashire hamwe Nawe. Mpwemu wawe Yera andongore iminsi yose. Mfansha kwama ngukunda n'umutima wanje, Umushaha, n'ubwenge kandi nkunde abandi nkuko nikunda. Urakoze ko unkijije biciye mu maraso y'umwana wawe Yesu. Ndabisavye mw'izina rya Yesu. Amen
Raba Bibiliya kuri App ya iBIBLE!
Ingaruka kw'isi yose
Gusura amapaje y'agakiza
Abantu barasenga




